Amakuru
28 novembre 2023

Amafaranga agenewe inyubako za leta ni make kandi akoreshwa nabi (PARCEM)

Uburyo bushingwa mu kwubaka ibikorwa vya leta ni buke cane kandi ivyo bikorwa ari ryo soko ry’iterambere. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama. Mu cigwa iryo shirahamwe riheruka kugira, rirerekana iyindi ngorane ijanye n’uko hari inyubako za leta usanga ata ho zitegekanijwe mu mafaranga leta iba iriko irakoresha. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, asaba leta gushiraho igitabo cerekana ingene ibikorwa vy’inyubako zayo bizorangurwa, n’uko vyose vyokorwa mu muco.