Amakuru
12 mai 2023

Amacupa yose agenewe gukoreshwa rimwe, abwirizwa gukurwa kw’isoko

Ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura ubuziranenge, BBN, kirababazwa n’ingene ingingo ibuza gukoresha ibindi amacupa y’amazi yagenewe gukoreshwa rimwe, itariko irakurikizwa. Ni inyuma y’aho ku munsi wa gatatu abagize ico kigo bagiriye umukwabu mu masoko atandukanye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, bagasanga ayo macupa aracakoreshwa ukuri kwamye. Sévérin Sindayikengera, umuyobozi mukuru wa BBN, atumirira Abarundi bose kugira ico gikorwa icabo kugira bafashe ico kigo muri uwo mugambi.