Amakuru
9 février 2023

Amacakubiri mu Burundi, yaba ay’ubwoko canke ay’imigambwe, yigishwa n’indongozi

Icamye gihungabanya ubumwe bw’Abarundi, ni indongozi zamye zigisha amacakubiri mu ntumbero yo kuniganira ubutegetsi. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabishikirije mw’ijambo ryiwe ryo ku munsi mukuru w’Ubumwe bw’Abarundi. Ku bw’abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi, ngo iyo ngendo y’indongozi yo gucanishamwo Abarundi n’uno munsi ni yo iranga ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Bagiriza intwaro ya Evariste Ndayishimiye gucanishamwo Abarundi, na cane cane bishingiye ku migambwe, aho uwutari muri CNDD-FDD adafatwa nk’Umurundi yuzuye.