Amakuru
11 novembre 2021

Amabuye aheruka gutorwa mu Cankuzo ni ibisigarira vy’amabuye yacukuwe n’ishirahamwe Danyland Ltd

Ibintu vyatowe bihamvye mu kuzimu mu ntara ya Cankuzo haraciye indwi zibiri ngo ni ibisigarira vy’amabuye yimbwe n’ishirahamwe Danyland LTD ryari ryagiranye amasezerano na leta y’Uburundi kugira risuzume ubutare bwa Nickel muri komine ya Kigamba mu ntara ya Cankuzo. Ivyo vyashizwe ahabona n’ikigo kijejwe ubutare mu Burundi (OBM) mu kiganiro cahaye abamenyeshamakuru. Ivyo bisigarira vy’amabuye vyari vyatowe bihamvye mu kigo ca paruwase Muremera ahahora haba abakozi b’iryo shirahamwe. Didace Ntirampeba, umuyobozi mukuru w’ico kigo, akaba ariko yamenyesheje ko ivyo bisigarira vyatakaje ibimenyetso vyari kwerekana aho vyavuye mu kuzimu. Ivyo bisigarira vyari vyateye amakenga abajejwe intwaro mu Cankuzo kuko batari bazi ivyo arivyo.