Amakuru
13 janvier 2022

Amabi akorerwa impunzi muri Tanzaniya ategerezwa guhagarara. Ni akamo umugambwe MSD utera HCR

Umugambwe MSD uriyamiriza amabi akorerwa impunzi z’Abarundi zo mu gihugu ca Tanzaniya. Epitace Nshimirimana, avugira umugambwe MSD, amenyesha ko ivyo bitumvikana mu gihe hariho amategeko mpuzamakungu akingira izo mpunzi. Umugambwe MSD usaba ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR gutorera umuti ico kibazo c’impunzi z’Abarundi zahungiye mu makambi ari mu gihugu ca Tanzaniya.