Amakuru
11 juin 2022

Amabi agikorerwa mu Burundi ni yo atuma Abarundi baba mu bihugu vyo hanze badashobora gutaha

Nta Murundi n’umwe aryohererwa kwitwa impunzi. Abarundi bose barakeneye gutaha, ariko uko igihugu gitunganijwe ni kwo gutuma badataha. Bivugwa na Oscar Butare, atwara Ihuriro ry’amashirahamwe y’Abarundi baba mu mahanga (FODIB). Akabivuga inyuma y’aho umukuru w’Igihugu avuze ko Abarundi benshi bahunze batacigenza nk’impunzi, ivyo bikerekana ko Uburundi bwateye imbere mu gukunda igihugu. Ku bwa Oscar Butare, Abarundi bahunze amabi akorerwa mu Burundi, kandi ngo ayo na yo aracakorwa n’uyu munsi.