Amabanki y’Uburundi ngo aratinya gutanga ingurane ku barimyi kubera ko iyo ngurane itoshobora kurihwa mu gihe habaye ihindagurika ry’ikirere bigatuma ata mwimbu uboneka. Ivyo vyatumye abari mu gisata c’uburimyi basaba ibigega vyo gutegekaniriza uburimyi ko vyokwubahura amabanki gutanga ingurane, kugira igisata c’uburimyi na co gitere imbere. Boaz Nimpe, umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’amabanki mu Burundi, yabisiguye igihe hariko harasozerwa uruganda rwo kwungurana ubumenyi mu gisata c’uburimyi, rwasozerewe kuri uyu wa kabiri i Bujumbura.
Agriculture
30 mars 2023