Albert Maniratunga, uwurongoye ishirahamwe OTRACO, yarakombowe n’umukuru w’igihugu kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Ruheshi umwaka w’2021. Yamwagirije ko yahombeje abanyagihugu amafranga menshi kubera yatevye kwegereza abanyagihugu bo hagati mu ntara ibigo bitanga impapuro zerekana ko imodoka ikomeye bita « contrôle technique ». Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yagendeye iryo shirahamwe uwo munsi nyene, akaba yasize atanze itegeko ko uwo yahora arongoye OTRACO atosubira kwinjira muri ico kigo.
Amakuru
1 juillet 2021