Amakuru
31 août 2021

Akarorero k’inyuruzwa ry’abantu 3 i Gitega mu 2019

N’aho leta ya Evariste Ndayishimiye yemeza ko ata baburwa irengero, imiryango y’ababuze iri mu gahinda ko kubura ababo. Akarorero ni aka Jules Niyongabo, umunywanyi w’umugambwe CNL. Inyuma y’aho ahatswe kugandagurwa mu mpera z’umwaka w’2018, mu nyuma arahunga, abakozi batatu yakoresha mu nzu ijanye n’ivy’ubuhinga ngurukanabumenyi baciye banyuruzwa n’uwari arongoye iperereza mu ntara ya Gitega. Hari mu kwezi kwa kabiri umwaka w’2019. Kuva ico gihe, imiryango nta makuru y’ababo ifise.