Amakuru
23 mai 2024

Akababaro k’abasirikare b’Abarundi barungitswe muri Kivu y’Uburaruko

Abasirikare b’Abarundi barungitswe mu buraruko bwa Congo kurwanya umuhari M23 baratabaza ko babayeho mu buzima bubi cane. Ukwo kubaho nabi guterwa n’intambara z’urutavanako n’uwo muhari, intambara zidasiba no kubatwara abasirikare mu gihe leta y’Uburundi isa n’iyabahevye. Ukubaheba bavuga ni uko batakironswa agashahara kugira basahirize imiryango yabo, ubukene bw’ibikoresho butuma babaho mu bwoba. Ikindi kibabaza ni uko babaho batagira uburenganzira bwo gutunga telefone kugira bashobore kuvugana n’imiryango yabo.