Amakuru
29 mars 2024

Agatwe k’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015, ni ko leta yipfuza (Bamvuginyumvira)

Ubutegetsi bwa Ndayishimiye bwipfuza ko abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015 barungikwa mu Burundi kugira bubice. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu c’Urwanda amenyeshereje ko Evariste Ndayishimiye yari yamusavye ko yomufasha kugira baganire n’abagomvye gutembagaza ubutegetsi uko botaha mu Burundi. Bamvuginyumvira abona ko ivyo biganiro leta y’Uburundi itabisavye bivuye ku mutima.