Amakuru
12 mars 2024

Agathon Rwasa avuga ko azokwitwara muri sentare z’akarere ku bijanye n’umugambwe wiwe

Umugambwe CNL mushasha ugizwe n’Imbonerakure. Ayo ni amajambo ya Agathon Rwasa, yari asanzwe arongoye umugambwe CNL. Agathon Rwasa akaba yakuwe muri ayo mabanga inyuma y’inama rukokoma yatunganijwe n’abamwiyonkoyeko kuri uyu w’Imana i Ngozi. Agathon Rwasa akavuga ko ivyo ari ubutegetsi bubiri inyuma bubicishije ku mushikiranganji w’Intwaro yo hagati avuga ko ariko ahonyanga amategeko mu gushigikira abo bamwiyonkoyeko. Akabona ko leta yari ikwiye kwitaho ibibazo nyamukuru bihanze igihugu ikareka ihiganwa ry’amatora rikagenda neza. Agathon Rwasa akaba yabivuze ariko yishura ku bibazo vya bagenzi bacu bo muri radiyo Ijwi rya Amerika.