Amakuru
13 décembre 2023

Afrika ikoresha amafaranga menshi buri mwaka mu kugura ibidandazwa mu bindi bihugu vyo hanze (CFCIB)

Ibice 91% vy’ibidandazwa bikoreshwa mu muryango w’ibihugu bigize Isoko rusangi rya Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko COMESA ngo biva hanze y’uwo muryango. Bishikirizwa na Denis Nshimirimana, umunyamabanga mukuru w’Urunani rw’amashirahamwe y’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi, CFCIB. Hari kuri munsi mbere mu ruganda rwahuje ibihugu vy’uwo muryango rwabereye i Bujumbura. Aho vyariko vyiga icokorwa kugira ibidandazwa vyiyongere hagati y’ibihugu vya COMESA.