Amakuru
10 septembre 2021

Abishe Musenyeri Joachim Ruhuna n’ababikira babiri i Gitega bakwiye gukubitwa intahe mu gahanga

Kuri uyu wa kane niho hibukwa imyaka 25 iheze hagandaguwe bunyamaswa musenyeri Joachim Ruhuna n’ababikira babiri bari kumwe mu ntara ya Gitega. Ibirori vyari vyatunganijwe n’ishirahamwe Fondation Ruhuna hamwe na Diyoseze nkuru ya Gitega. Bose bakaba basaba ubutungane kuri ubwo bwicanyi.