Amakuru
20 mai 2023

ABC Canada isaba ko umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yokingirwa aho ari mw’ibohero rya Muyinga

Ihohoterwa rikorerwa umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ryerekana neza ko ubucamanza ata co bumariye Abarundi n’Uburundi. Bishikirizwa na Appolonie Simbizi, umuvugizi w’Ishirahamwe ry’Abarundi baba muri Canada (ABC Canada). Abivuze inyuma y’aho ku mugoroba wo ku wa kabiri w’ino ndwi, uwurongoye ibohero rya Muyinga uwo mumenyeshamakuru apfungiwemwo, yaja kumukubagurira mu cumba aryamamwo, yongera amubwira amajambo yo kumutyoza. Ku bwa Appolonie Simbizi, ikubagurwa rya Floriane Irangabiye riraba uwo ari we wese harimwo n’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.