Amakuru
15 juillet 2024

Abazokora rusansuma yimirije bagiye guhabwa inyigisho kuva ku munsi wa gatatu (N. Ndayishimiye)

Ibikorwa vy’inyigisho z’abagenduzi ba rusansuma y’Abarundi vyarasozerewe ku munsi w’Imana. Izo nyigisho zikaba zari zimaze indwi zitatu ziriko zitangwa mu ntara zitanu nshasha zigize igihugu. Nk’uko vyamenyeshejwe na Nicolas Ndayishimiye, ajejwe ibiro bikuru vya rusansuma, abo bagenduzi na bo bakaba bazorungikwa mu mihingo itandukanye y’igihugu kuja gutanga inyigisho ku bazokora rusansuma bwite kuva ku munsi wa gatatu itariki 17 Mukakaro mu makomine 42 mashasha. Abo bazokora rusansuma bagera ku 16 000 bamuka ku misozi n’ama karitye bitandukanye vy’igihugu. Rusansuma ikaba itegekanijwe kuzotangura itariki 16 Myandagaro ikazohera itariki 7 Nyakanga.