Amakuru
7 août 2024

Abazokora rusansuma bategerezwa kwigenza neza (N. Ndayishimiye)

Rusansuma izogenda neza bivanye n’inyifato y’abazoyikora. Ivyo bivugwa n’uwurongoye ibiro bikuru vya rusansuma. Nicolas Ndayishimiye ahamagarira abazoyikora kwigenza neza kugira abanyagihugu bahurumbire ico gikorwa. Yabivuze mu mpera z’indwi iheze aho yari yaramutse agendera ikigo c’aho bamwe mu bazokora iyo rusansuma bariko barigishirizwa kuri lycée SOS i Bujumbura.