Kuva ku munsi wa kane mu gisagara ca Bujumbura, birabujijwe kugumiza imodoka n’amapikipiki ku mastasiyo birindiriye igitoro. Ivyo vyatangajwe n’igipolisi. Colonel Désiré Nduwimana, umuvugizi w’igipolisi, asigura ko ari ku mpamvu zo gucungera umutekano. Akanagabisha uwo wese azotwara imodoka idafise igitoro gikwiye, ngo kuko iyo izimiye mw’ibarabara bitera uruhagarara. Ibihano bikaba bizofatirwa abazorenga kuri izo ngingo.
Amakuru
31 mai 2024