Amakuru
24 octobre 2023

Abavugana ubugigimizi bategerezwa gufatwa nk’abandi bantu (AABB)

Ukugigimiza guterezwa gufatwa nk’ubumuga mu bundi, kandi leta ihamagarirwa kubigiramwo uruhara. Ako ni akamo gaterwa n’ishirahamwe ry’abavugana ubugigimizi mu Burundi (AABB). Willerme Bimazubute, aserukira iryo shirahamwe, aranegura ikumirwa n’agahemo abavugana ubugigimizi bakorerwa. Yabivuze igihe hariko hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wagenewe abavugana ubugigimizi.