Amakuru
26 janvier 2024

Abavuga ko turi kumwe na M23, bavuga iki ku ba FDLR bari mu buseruko bwa Congo ? (Paul Kagame)

Urwanda nta sano rufitaniye n’ingwano iriko irabera mu buseruko bwa Congo. Hari abagerageje kubitwomekako, ariko si vyo na mba. Ivyo bivugwa na Paul Kagame. Hari ku munsi wa kabiri umukuru w’Igihugu c’Urwanda ariko yugurura ibiganiro bihuza Abanyarwanda b’imihingo itandukanye. Akavuga ko abashikiriza amajambo nk’ayo bobanza bakishura ku kibazo ca FDLR iri mu buseruko bwa Congo.