Amakuru
22 février 2023

Abavuga ko ifaranga ry’Uburundi ata gaciro rifise barabesha

Ifaranga ry’Uburundi ryifashe neza ugereranije n’ayandi y’ibihugu vyo mu karere. Gélase Daniel Ndabirabe, umukuru w’Inama nshingamateka, yabivugiye mu bikorwa rusangi vyabereye muri komine Matongo mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw’igihugu ku wa gatandatu w’indwi iheze. Iyo mvugo y’abategetsi irashinyagurira Abarundi, ku bwa Jérémie Minani, umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi.