Amakuru
20 mars 2024

Abatutsi bo muri Congo ni Abanyecongo kandi bategerezwa gufatwa ukwo (Pr PLO Lumumba)

Leta ya Congo itegerezwa gufata no gukingira Abatutsi baba muri ico gihugu nk’abanyagihugu baco, kuko ni Abanyecongo. Ako kamo gaterwa n’umushakashatsi w’Umunyakenya Patrick Loch Otieno Lumumba. Avuga ko ivyo vyaturutse ku kungene imipaka y’ibihugu imeze aho hari abanyagihugu basa nk’uko bava ahandi. Akavuga ko abo Batutsi atari abo mu Rwanda canke mu Burundi, nk’uko Urwanda barubeshera ko rushigikiye M23.