Amakuru
6 décembre 2023

Abatunzi birirwa barata amafaranga yabo kandi abanyeshure bakeneye intebe (Ndayishimiye)

Abarundi bifise bahamagarirwa guterera kugira abanyeshure bashobore kwiga neza, bafise aho bicara, kandi bari mu mashure yubatse neza. Ako kamo katewe n’umukuru w’Igihugu. Hari ku munsi wa kabiri itariki 5 Kigarama, hariko hahimbazwa umunsi wahariwe umutangakori. Evariste Ndayishimiye agatangazwa n’ingene hari Abarundi bashira amafaranga yabo menshi mu bintu avuga ko bidakenewe, kandi abanyeshure ata n’intebe zo kwicarako mw’ishure bafise.