Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, amenyesha ko yatanguye isekeza ryo gutanga amabati ku bateshejwe izabo hagati mu gihugu bipfuza gusubira mu matongo yabo ku mitumba, kuko aho bari uno munsi mu masite atari ahabo. Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yatanze mu mpera z’umwaka uheze w’2023. Ku batarumva y’uko botaha ngo leta izoraba ingene ibegeraniriza hamwe n’abandi ba ntahonikora mu bigwati bizokwubakwa mu bibanza vya leta.
Amakuru
9 janvier 2024