Droits humains
29 juin 2024

Abategetsi b’Uburundi impera n’imperuka bazobazwa amabi bakora (E. Nshimirimana)

Uburundi bwaraciriwe urubanza vyemezwa ko bwahohoteye Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’umugambwe MSD. Iyo ngingo yafashwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ijejwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, OMCT, rikukira ONU, hari mu mpera z’ukwezi kwa Rusama uno mwaka. Ku bwa Epitace Nshimirimana, ni ikimenyetso ko ihohoterwa rya kiremwa muntu n’ukutubahiriza agateka ka zina muntu muri rusangi, atari agaseseshwarumuri mu Burundi. Epitace Nshimirimana akibutsa abategetsi b’Uburundi ko impera n’imperuka bazobazwa amabi bakorera Abarundi, akanahamagarira abandi Barundi kwubahuka gushira ahabona amabi bakorerwa n’abayabakorera. Intahe ya Epitace Nshimirimana muyishikirijwe mw’isekeza ryo kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ryatangujwe n’amashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi guhera ku wa 26 Ruheshi, umunsi wahariwe gushigikira abakorewe ihohoterwa kw’isi.