Amakuru
13 août 2021

Abategetsi b’Uburundi bari bakwiye kwitaho urwaruka kuko arirwo kazoza k’Uburundi

Umunsi mpuzamakungu wahariwe urwaruka ukaba ushitse mu gihe igice kinini c’urwaruka rw’Abarundi kibarizwa mu mvuto ku mvo za politike canke bakoze ivyaha bivuye ku bukene buterwa n’ukutagira akazi. Uko niko mu muhari MAP-Burundi Buhire babibona. Eric Nduwayezu, icegera c’umuvugizi w’uwo muhari, akibutsa abategetsi b’Uburundi ko bari bakwiye kwitaho urwaruka kuko arirwo kazoza k’Uburundi.