Amakuru
11 août 2021

Abategetsi b’Uburundi bakwiye kurekura vyihutirwa kandi ata gisabwe umushingwamanza Tony Germain Nkina

Abategetsi b’Uburundi bategerezwa kurekura vyihutirwa ata gisabwe umushingwamanza Tony Germain Nkina, yahoze ari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Akaba yahagaritswe ku wa 13 Gitugutu umwaka w’2020. Akamo gaterwa n’amashirahamwe mpuzamakungu atandatu aharanira agateka ka zina muntu. Kw’izina ry’ayo mashirahamwe, Rachel Nicholson, umushakashatsi mw’ishirahamwe Amnesty International mu bihugu vy’ibiyaga binini, ariyamiriza ipfungwa ryiwe rijanye ahanini n’ibikorwa yahoze akora mu gukingira agateka ka zina muntu, agikorera ishirahamwe APRODH.