Amakuru
19 décembre 2023

Abategetsi bo muri Congo bafasha mu majambo y’urwanko bazoruhira kubibazwa (Maingain)

Imvugo z’urwanko zibandanya ziyongera ata camira muri Congo, kandi abategetsi, baba abasirikare canke abanyepolitike, barafise uruhara rukomeye muri vyo, bikaba bigamije guhonya abanyagihugu bamwe kubera ubwoko bwabo. Ni ibivugwa n’umushingwamanza Bernard Maingain, ari mu runani rw’ababuranira abakorewe amabi muri Nord-Kivu. Ku bwiwe, ikibazo c’ingendo y’ihonyabwoko gitegerezwa kuraba akarere kose.