Akarenganyo mu bisata bitandukanye mu Burundi karacibonekeza, n’aho igihugu gikwije imyaka 61 cikukiye. Akarenganyo na ko kakaba kari mu bintu vyaranga intwaro y’abakoloni. Biri mu mwihwezo wa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, PARCEM. Uwo muhinga mu bijanye n’ubutunzi agatanga akarorero nko mu gutanga amasoko ya leta hamwe no kuronka ubuzi bisigaye vyiziziwe n’akarwi kamwe k’abantu. Agasaba ko vyoranduranwa n’imizi, nk’uko biri mu ntumbero y’umukuru w’Igihugu.
Amakuru
4 juillet 2023