Amakuru
19 juillet 2023

Abategetsi bazoruhira kubazwa amabi bariko bakorera Abarundi

Nta butungane buri mu Burundi. Ibimenyetso bishasha bivyerekana ni umunyeshure Christella Ndayishimiye wo mu Kirundo yapfunzwe ahowe ko yakomye induru asaba gukingirwa kubera umuyobozi w’ishure yigako yashaka kumufata ku nguvu, hamwe na Emilienne Sibomana, umwigisha w’i Gitega apfungiwe kuba yatabarije abanyeshure bakorerwa ivya mfura mbi n’umuyobozi w’ishure akoramwo. Ivyo bisigurwa na Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’umugambwe MSD. Akaba ahamagarira Abarundi guhaguruka bakikura ku gakanu CNDD-FDD kugira bashireho ubutegetsi bwubahiriza ubutungane.