Amakuru
20 décembre 2023

Abategetsi bamwe baguma banana ngo Sentare igenzura amatungo ya leta ntikore (PARCEM)

Urugamba rwo gucungera uko amafaranga ya leta akoreshwa rwaraye rutangujwe n’ishirahamwe PARCEM. Faustin Ndikumana arirongoye avuga ko ubutunzi bw’igihugu bugeze ahatemba kubera hari inzego nka Sentare igenzura ubutunzi bwa leta zidakora. Iryo shirahamwe rikaba ryihaye ihangiro ko iyo sentare itegerezwa guhabwa uburyo bukwiye bwo gukora mu nteguro y’amafaranga ya leta izokurikira. Faustin Ndikumana yabishikirije ku munsi wa kabiri itariki 19 Kigarama, igihe yariko atangiza urwo rugamba.