Amakuru
11 juin 2022

Abatavuga rumwe na leta ntibashigikira amahoro n’iterambere

« Mu gisata c’Ubutungane, twarateye intambwe. Abarongoye amasentare bose ni bashasha kandi bagenywe turavye ko batarya igiturire. Umwe wese aho aherereye yariyemeje kunagura ubutungane ». Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa 08 Ruheshi aho hari haramutse hahimbazwa Umunsi witiriwe gukunda igihugu. Muri politike na ho, yavuze ko bitumvikana ko abanyamigambwe bovuga ko batavuga rumwe na leta ishira imbere amahoro n’iterambere.