Amakuru
27 avril 2023

Abatavuga rumwe na leta boja hamwe kugira basabe ibiganiro leta haboneke umuti w’ingorane z’Uburundi

Abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi, yaba abari hanze y’igihugu hamwe n’abari mu gihugu, bakwiye kwumvikana bakavuga rumwe bagasaba ko haba ibiganiro bibahuza n’ubutegetsi. Ivyo bishikirizwa na Chauvineau Mugwengezo, ari mu runani CFOR-Arusha, akaba anarongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Akaba yabivuze mu gihe hibukwa imyaka umunani iheze Abarundi bahagurukiye rimwe mu kugira imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza, gica kubiri n’amategeko y’Uburundi.