Amakuru
20 juin 2024

Abasirikare ni benshi bapfiriye ku rugamba muri Congo mu myaka 4 Ndayishimiye amaze ku butegetsi

Iyi myaka ine Évariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi yaranzwe n’abasirikare b’Uburundi batagira uko bangana bishwe, barakomereka abandi bagirwa imbohe mu gihe bari barungitswe ku nguvu mu gihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo kurwanya umuhari M23. Imiryango yabo n’ubu ikaba icipfumbereje.