Amakuru
13 juin 2024

Abasirikare barahiriye gukorera igihugu ntibarahiriye gukorera prezida Ndayishimiye (MSD)

Abasirikare b’Abarundi barafise uburenganzira bwo kwanka kuja kurwana muri Congo. Bivugwa na Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi MSD. Ico bari bakwiye gukora ahubwo ni kurwanira igihugu cabo kigeze ahatemba. Epitace Nshimirimana yibutsa abasirikare ko bigishijwe gukingira no kurwanira igihugu cabo.