Amakuru
25 juin 2024

Abasirikare bagera ku 274 baraciriwe urubanza bahorwa kwanka kugwana n’umuhari M23 muri Congo

Urubanza rw’abasirikare 274 bagirijwe kugumuka kuko banse kuja kugwanya umuhari M23, rwarasomwe ku munsi w’Imana uheruka. Igihano co gupfungwa umunyororo uri hagati y’imyaka 20 na 30 ni co caciriwe abo abasirikare na Sentare y’intango ya gisirikare yashashe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Rutana aho bapfungiwe. Abo basirikare bakabona ko iyo ngingo yafashwe biturutse ku gitsure c’abarongoye inzego zikuru za gisirikare kandi ko bazunguruza urubanza.