Amakuru
9 novembre 2023

Abasirikare b’Abarundi bafashwe na M23 baremanga ko bari ku rugamba rwo kurwanya uwo muhari

Ntibikiri agaseseshwarumuri. Abasoda b’igisirikare c’Uburundi bararungitswe na leta y’Uburundi muri Congo kurwanya umuhari M23. Ivyo vyibonekeje mu minsi iheze aho uwo muhari werekanye ku mbuga ngurukanabumenyi abasoda wifatiye bari ku rugamba. M23 nyene ikaba yaranasohoye itangazo ryemeza ko hari abasirikare b’Abarundi bariko bafashanya n’igisirikare ca Congo hamwe n’imihari yitwaje ibirwanisho mu kurwanya M23. Ivyo vyose bikaba mu gihe leta y’Uburundi yo ihakana ko ata basirikare yigeze irungika muri ico gikorwa.