Amakuru
31 mai 2024

Abasirikare b’Abarundi bafashwe na M23 barangwa n’umwiheburo (intahe ya bamwe)

Abasirikare b’Abarundi bafashwe mu ntambara muri Congo n’umuhari M23 barihebuye kubera batabona uko bazosubira mu miryango yabo mu gihe leta y’Uburundi itemera ko ari abasirikare bayo bafashwe. Ivyo bivugwa na bamwe muri bo baganiriye n’umumenyeshamakuru wa télévision Mama Urwagasabo TV. Bafashwe mu bihe bitandukanye, bafatirwa no mu bice bitandukanye. Bamwe bafashwe mu mpera z’umwaka uheze, abandi bafatwa muri uku kwezi kwa Rusama.