Amakuru
23 novembre 2023

Abasirikare ba Congo barabujijwe gukorana ico ari co cose n’umuhari FDLR (FARDC)

Kirazira kikaziririzwa ko umusirikare uwo ari we wese w’igihugu ca leta iharanira demokarasi ya Congo yunga imigenderanire n’abarwanyi bo muri FDLR. Iryo ni itegeko ryaraye ritanzwe n’igisirikare ca Congo. Mw’itangazo ryiwe, umuvugizi w’ico gisirikare général-major Sylvain Ekenge Bomusa Efomi, yagabishije uwo wese azorenga kuri iryo tegeko ko azohanwa bimwe vy’akarorero.