Amakuru
23 juin 2022

Abashingamateka b’umugambwe CNL baramaze gukumirwa kuja muri EALA

Ukwankira abashingamateka b’umugambwe CNL ngo bashinge umurwi w’abashingamateka, ivyagirizwa umukuru w’Inama nshingamateka, ngo vyoba bifise intumbero yo gukumira abashingamateka b’umugambwe CNL ngo ntibaserukirwe mu nzego zo muri kano karere, na cane cane Inama nshingamateka yo muri Afrika y’ubuseruko (EALA). Ni umwihwezo wa Agathon Rwasa. Ariko ngo hamwe uwo mugambwe wankiwe gose, umukuru w’umugambwe CNL aremeza ko abashingamateka bakomoka muri CNL bazobandanya bitaba ibikorwa vy’Inama nshingamateka, bongere babandanye basaba uburenganzira bwabo.