Amakuru
9 février 2021

Abashingamateka b’ibihugu vya buraya bashika kuri mirongo itanu baratinya ko ibihano vyafatiwe leta y’Uburundi bishobora kuvaho

Abashingamateka b’ibihugu vya buraya bashika kuri mirongo itanu baratinya ko ibihano vyafatiwe leta y’Uburundi bishobora kuvaho inyuma y’aho ibiganiro hagati y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya buraya bisubiye kuba. Abo bashingamateka bashikiriza ivyo mw’ikete bandikiye umunyamabanga mukuru ajejwe ivy’imigenderanire mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya. Umwe muri abo bashingamateka, Marie Arena, aributsa ko amasezerano ya Cotonou asaba iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.