Ngo ivugururwa rishasha ry’itegeko ryo mu 2005 ryerekeye gutunganya gushasha ububasha bw’ubucamanza rigamije kwerekana neza inshingano z’abacamanza. Ivyo ngo bikazotuma bitaho neza abanyagihugu. Iri tegeko ryatowe ku munsi wa mbere itariki 13 Ruhuhuma risaba ko hashirwaho umucamanza umwe. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Ubutungane, Domine Banyankimbona, aho yamenyesheje kandi ko ivyo bizofasha abacamanza bashinzwe dosiye gufata ingingo hakurikijwe amategeko.
Amakuru
15 février 2023