Amakuru
30 décembre 2023

Abashingamateka basaba ko DAF wa REGIDESO ata na hamwe yokwongera gukora

Umuyobozi ajejwe ubutunzi n’intwaro muri REGIDESO akwiriye guhabwa ibihano bidasanzwe. Ivyo ni vyo bisa n’uko umukuru w’Inama nshingamateka amusabira. Ku bwa Gélase Daniel Ndabirabe, ngo ingendo yiwe y’aka mwana wa mama mu gutanga igitoro yotuma atanasubira gukora ahantu na hamwe mu Burundi. Yabivuze ku munsi wa kane igihe umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka.