Amakuru
30 août 2023

Abashingamateka barafise amakenga ku gufashanya mu vya gisirikare hagati y’Uburundi n’Uburusiya

Inama nshingamateka yaremeje ku wa gatanu uheze, integuro y’itegeko ijanye n’ugufashanya kw’Uburundi n’igihugu c’Uburusiya mu bijanye na gisirikare. Umushikiranganji w’Umutekano yari umutumire, akaba yasiguye ko ayo masezerano azofasha ko abasirikare b’Abarundi baronka ingene baja gukarisha ubwenge bongere baronke n’ibirwanisho. Ariko rero abashingamateka barerekanye amakenga bafise ajanye no gukorana n’Uburusiya bigahava bituma ibihugu bisanzwe bikorana n’Uburundi bishamiranye n’Uburusiya bibibona nabi, aha bakaba bavuga ibihugu vyo mu muryango wa Buraya na leta zunze ubumwe za Amerika.