Amakuru
29 juillet 2023

Abashingamateka 20 n’umukenguzamateka umwe ba CNL batangaje icese ko bari inyuma ya Rwasa

Abashingamateka 20 n’umukenguzamateka umwe bo mu mugambwe CNL baruhiye gukora ikiganiro n’abamenyeshamakuru nk’uko bari babitegekanije kuri uno wa gatanu. Bari babanje kubuzwa ico gikorwa n’igipolisi. Bakaba bari bafise intumbero yo kumenyesha icese ko bashigikiye Agathon Rwasa arongoye uwo mugambwe. Rwasa akaba yaheruka gukurwa muri ayo mabanga na bamwe mu bo bafashanije kuwurongora. Abo bashingamateka n’umukenguzamateka bakaba kandi bashaka kunegura ingendo ya leta yo kwivanga mu biraba uwo mugambwe. Pamphile Malaika ni we yabavugiye.