Amakuru
22 décembre 2023

Abashikiriza amajambo y’urwanko muri Congo barabangamiye akarere kose (Rudatsimburwa)

Amajambo ashikirizwa na Félix Tshisekedi, umukuru w’Igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ku bijanye n’integuro yo gutera Urwanda hakoreshejwe ibisasu vya muzinga arateye isoni. Bishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda Albert Rudatsimburwa, mu mwihwezo yagiriye kuri Télé Renaissance, buca haba amatora muri Congo. Ivyo bikaza vyiyongera ku majambo aryanisha amaze iminsi ashikirizwa na bamwe mu bategetsi ba Congo bayerekeza kuri bamwe mu bategetsi b’Urwanda mbere no ku mukuru w’Igihugu c’Urwanda ubwiwe. Ku bw’uwo mumenyeshamakuru, bene ayo majambo ashira mu kaga abanyagihugu b’ibihugu bivugwa, ariko kandi n’akarere kose.