Amakuru
10 juillet 2024

Abashikiranganji b’Imigenderanire b’akarere ka EAC bize uko amahoro yogaruka muri Congo

Abashikiranganji b’Imigenderanire b’Uburundi n’Urwanda bumvikanye kuzohura itariki 31 Gitugutu kugira baganire umuti w’ibibazo biri hagati y’ivyo bihugu. Ivyo biri mu cegeranyo abashikiranganji b’Imigenderanire n’amakungu b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko basohoye inyuma y’inama y’iminsi itatu yariko ibera i Zanzibar muri Tanzaniya. Abo bashikiranganji bo mu karere bakaba bafashe ingingo zitandukanye zo kugira amahoro agaruke mu karere, na cane cane mu buseruko bwa Congo.