Amakuru
27 mai 2023

Abashaka gusenyura umugambwe CNL biruhishiriza ubusa

Umugambwe CNL nta kibazo ufise. Ahubwo abashaka kuwusenyura ni bo bagifise. Ivyo vyemezwa na Agathon Rwasa, arongoye uwo mugambwe. Akaba atera ivyatsi ingendo mbi ya bamwe mu ndongozi za CNL. Co kimwe n’uko yiyamiriza abategetsi bamwe bamwe basaba imigambwe ivyo amategeko atabarekuriye.