Amakuru
1 février 2022

Abaserukira abarimu bifata nk’abifise bagaca bagumura abandi

Umukuru w’Igihugu arabandanya kwifatira mu gahanga abarimu. Mu kiganiro yagiranye n’urwaruka ku munsi wa gatandatu uheze mu gisagara ca Bujumbura, Evariste Ndayishimiye yavuze ko agiye gukurikirana yongere afate amafranga yose y’intererano atangwa n’abigisha mu masendika. Kubw’umukuru w’Igihugu, ngo ayo mafranga atawuzi iyo aja niyo aheza akagaruka gukoreshwa mu bugizi bwa nabi no mu bikorwa vy’iterabwoba.