Amakuru
10 août 2023

Abasangwabutaka mu Burundi ntibakumiriwe kubera iyubahirizwa ry’amategeko

Itariki 9 Myandagaro, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka. Mu Burundi, uwo munsi uzohimbazwa itariki 18 Myandagaro mu Ruyigi ku civugo « Urwaruka rw’abasangwabutaka, ishimikiro ry’impinduka mw’iterambere ». Imelde Sabushimike, umushikiranganji wo Gufatana mu nda, avuga ko abasangwabutaka mu Burundi bateye intambwe aho ubasanga mu migambi itandukanye y’igihugu. Akaba anezerezwa no kubona abasangwabutaka badakumirwa kubera iyubahirizwa ry’amategeko.